Amakuru
10 décembre 2022

Urunani RCP rurababazwa n’amajambo umushikiranganji wa Mbere yishuye umupfakazi wo mu Kirundo

Ni akababaro kenshi urunani ruhamagarira Abarundi kuba intungane rwakiranye amajambo ya Gervais Ndirakobuca yishura umupfakazi wo mu ntara ya Kirundo. Uwo na we akaba yariko ataka umushikiranganji wa Mbere yari mu rugendo muri iyo ntara inyuma y’igandagurwa ry’umugabo wiwe n’abantu bazwi. Ku bwa Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, umushikiranganji wa Mbere yaramaze guha intumbero urwo rubanza mu gihe uwo mupfakazi yasaba ko ubutungane bumutunganiriza, maze umwe wese mu bamwiciye akabihanirwa.