Amakuru
2 avril 2024

Leta iriko ibabariza ubusa abanyagihugu mu kuguma yugaye imipaka (RCP)

Ukudadaza kwa leta y’Uburundi mu kwanka kugirana ibiganiro n’Urwanda kugira imipaka yugururwe ngo gufise ingaruka mbi nyinshi ku banyagihugu. Uko ni ko urunani ruhamagarira Abarundi kugendera ubuntu babibona. Ku bwa Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye RCP, ngo abakorwako kurusha n’izo ngaruka ni abegereye imipaka. Ariko akavuga anibuka abandi batari bake baja mu gihugu kibanyi baja kuharonderera ibitari bike. Gervais Nibigira akaba ahamagarira leta y’Uburundi kwugurura imipaka ku neza y’abanyagihugu ari bo cane cane bagowe kubera iguma yugawe. Icegera c’uwurongoye RCP akibutsa ko mu kwugara imipaka leta y’Uburundi yahonyanze amategeko agenga umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko ategekanya ukwidegemvya mu ruja n’uruza rw’abantu n’ibintu.