Agriculture
11 avril 2024

Ikigo ANAGESSA cahawe imiliyaridi 26 zo kwishura umwimbu w’ibigori kimaze kwakira (G. Ndirakobuca)

Amadeni yose ikigo ANAGESSA gifitiye abarimyi b’ibigori ategerezwa kuba yarishwe ku munsi wa gatanu bitevye. Iryo ni itegeko ryatanzwe n’umushikiranganji wa Mbere. Hari ku munsi wa mbere mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro mu gihugu. Gervais Ndirakobuca akaba yamenyesheje ko ico kigo cahawe amafaranga imiliyaridi 26 kugira ngo cishure ayo madeni. Mu nyuma kikazoca gihabwa ayandi mafaranga yo gukoresha.