Agriculture
30 juillet 2024

PARCEM irahagaritswe umutima n’ukuntu ikigo ANAGESSA gikora kigateba no guhemba abarimyi

Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama rirarajwe ishinga n’ingene ikigo ANAGESSA kijejwe kugura no kwegeranya umwimbu w’abanyagihugu kiriko kirakora akazi gishinzwe. Ishirahamwe PARCEM ribona ko ico kigo kiguma giteba cane mu guhemba abarimyi caguriye umwimbu, rikibaza ko ukwo kudakora akazi ku gihe kw’ico kigo, biterwa n’uko kitagira ibiharuro bikwiye bimwe bita « statistiques » mu bijanye n’umwimbu w’iki na kiriya, hamwe rero n’uburyo budakwiye mu vyerekeye ubuhinga n’amafaranga. Faustin Ndikumana, umuyobozi w’ishirahamwe PARCEM ku rwego rw’igihugu, asaba ikigo ANAGESSA gukora ibishoboka vyose kugira umwimbu w’abanyagihugu ubungabungwe neza, agatera akamo na leta kureka n’abandi badandaza babishoboye, kugura umwimbu w’abanyagihugu.