Amakuru
21 juillet 2022

Urucanco ni bwo buryo bwiza bwo gutuza inyonko yo mu kiyaya ca Rift

Hagiye gutanguzwa isekeza ryo gucandaga inka, impene n’intama inyonko yo mu kiyaya ca Rift mu gihugu cose. Vyapfundikiwe mu nama yabaye kuri uyu wa 18 Mukakaro, ihuje umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, uw’Uburimyi n’ubworozi, ba buramatari hamwe n’abajejwe amagara y’ibitungwa mu ntara. Leta ikaba yemeye gutanga amafaranga agera ku miliyaridi 4 akenewe.