Amakuru
27 février 2024

Umutekano wongerejwe mu makomine ahana urubibe n’ishamba rya Rukoko inyuma y’igitero ca RED-Tabara

Leta y’Uburundi irahumuriza abanyagihugu bo mu makomine Mutimbuzi, Gihanga, Rugombo na Buganda inyuma y’igitero c’umuhari urwana RED-Tabara cabaye ku munsi w’Imana muri komine Gihanga. Ingingo ruhasha z’umutekano ngo zashizweho kugira umutekano ugaruke muri ayo ma komine ahana urubibe n’ishamba cimeza rya Rukoko hamwe n’uruzi Rusizi. Ubwo butumwa bwatanzwe kuri uno wa kabiri inyuma y’inama y’umutekano yari irongowe n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca, inama yari yatumiwemwo abajejwe intwaro n’umutekano muri ayo makomine ane. Ku bwa Moïse Nkurunziza, avugira umushikiranganji wa Mbere, iyo nama yatumweko inyuma y’aho habonekeye utunenge mw’icungerwa ry’umutekano.