Amakuru
28 janvier 2023

Umushikiranganji wa Mbere ashaka guhasha intwaro mbi iranga komine Mukaza

Abarongoye abandi mu gisagara ca Bujumbura basabwa kuba abakozi b’abanyagihugu mu gukorera neza igihugu. Bivugwa n’umushikiranganji wa Mbere w’Uburundi. Ivyo Gervais Ndirakobuca akaba yabishikirije kuri uyu wa kane igenekerezo rya 26 Nzero 2023 mu nama yagirishije indongozi zo muri komine ya Mukaza. Akagabisha indongozi kutitwaza ububasha zifise kuko atabwo zifise.