Abanyagihugu bo muri karitiye Ruziba muri zone Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura barababazwa n’uko ata ho bagifise bashingura ababo. Igice kimwe c’aho bahora bahamba, cahawe abantu bahubaka amazu. Ingaruka muri kino gihe, bagasanga bariko bahamba mu mva zisanzwe zarahambwemwo abandi. Mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura, umushikiranganji wa Mbere, Gervais Ndirakobuca, yasavye musitanteri wa Kanyosha gutorera inyishu mu maguru masha ico kibazo.
Amakuru
31 janvier 2023