Agriculture
6 octobre 2023

Umushikiranganji wa Mbere aridogera ishirahamwe rihingura umwavu FOMI

Ishirahamwe FOMI ntiricizewe ko ritanga umwavu wo kurwiza umwimbu mu burimyi. Ivyo vyavuzwe n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka, hari ku munsi wa mbere igihe yariko arabashikiriza ibikorwa vyaranguwe na leta arongoye mu mezi atandatu aheze. Ariko rero akaba ahumuriza ko hariko harubakwa irindi hinguriro rishasha mu ntara ya Gitega rizotanga umwavu mwiza gusumba uwo FOMI itanga. Umushikiranganji wa Mbere akaba ahanini anegura umwavu ugenewe kurwiza umwimbu ku giterwa c’umuceri.