Amakuru
26 septembre 2023

Umushikiranganji wa Mbere agiye gukoranya abakorera mu gisata c’amazi mu kurwanya choléra

UNICEF yiyemeje gufasha mu kurwanya ikiza ca choléra. Iryo shirahamwe mpuzamakungu ryaranatanguye gusahiriza mu gutanga amazi mu makaritiye y’igisagara ca Bujumbura amaze kwigaragazamwo ico kiza. Uwuserukira UNICEF mu Burundi yabimenyesheje ku munsi wa mbere igihe yari mu mubonano n’umushikiranganji wa Mbere.