Inyamiramabi ngo ikora dosiye y’icaha gusa ariko nta bubasha ifise bwo guheza urubanza. Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi, yamenyesheje kuri uno wa kabiri ko ababifitiye ububasha ari ama parike gusa. Akaba yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka. Gervais Ndirakobuca amenyesha kandi ko inyamiramabi ikora icegeranyo ca dosiye hanyuma dosiye ikarungikwa muri parike.
Amakuru
24 septembre 2021