Amakuru
18 mars 2022

Umukuru w’Inama nkenguzamateka aremanga ko hari abana biga bicaye hasi mu ntara avukamwo

Birababaje kubona hakiriho abanyeshure biga bicaye hasi kandi batagira n’ibitabo vyo kwigiramwo mu ntara ya Bujumbura benshi bakunze kwita Bujumbura Rural. Bivugwa na Emmanuel Sinzohagera, arongoye Inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba asanzwe avuka no muri iyo ntara. Yabivugiye mu nama y’ishirahamwe ry’imvukira zo muri iyo ntara SOPADEBU, yabaye ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 12 Ntwarante. Umukuru w’Inama nkenguzamateka agahamagarira imvukira zo muri iyo ntara gutanga intererano kugira bafashe intara yabo.