Amakuru
26 janvier 2024

Umucamanza aciye urwa ngondagonde akwiye kubihanirwa atitwaje ko yihenze (Emmanuel Sinzohagera)

Ubushikiranganji bw’Ubutungane burasabwa guhindura itegeko riha uburenganzira umucamanza bwo kudahanwa igihe yaciye urubanza nabi. Bisabwa n’umukuru w’Inama nkenguzamateka, Emmanuel Sinzohagera. Hari kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero aho umushikiranganji w’Ubutungane yariko yishura ku bibazo vy’abakenguzamateka. Emmanuel Sinzohagera abona ko iryo tegeko rituma amakosa yose abacamanza bakora aca ahinduka ukwihenda gutyo ntibabe bagihanywe.