Ugusabikanya ubutegetsi hafatiwe ku moko kwokwivanaho igihe hoboneka ubutegetsi butwarira bose. Bivugwa na Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL, inyuma y’aho umukuru w’Inama nkenguzamateka amenyeshereje ko Abarundi bomenyesha aho bahagaze kw’igumizwaho canke kw’ifutwa ry’iyubahirizwa ry’ibitigiri bishinga uko amoko aserukirwa mu nzego. Agathon Rwasa ahanura ubutegetsi nyabuna ko bwari bukwiye kwihutira gukuraho ikumira rifatiye kuri politike. Agathon Rwasa yaganira na bagenzi bacu bo kuri Radio-Télévision Isanganiro.
Amakuru
14 février 2023