Amakuru
6 mars 2023

Ugukingira amashamba yo mu karere kuri mu bikorwa vyihutirwa

Amashamba ategerezwa gukingirwa mu ntumbero yo kubungabunga ubutunzi buri muri yo. Iyo ni yo yari intumbero y’inama yabereye mu gihugu ca Gabon yahuje abakuru b’Ibihugu n’amaleta ba Afrika yo hagati mu ndwi iheze. Uburundi bukaba bwari bwaserukiwe n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca. Igihe agarukiye, mu mpera z’indwi iheze, yamenyesheje ko mu ngingo bapfunditse, basavye ko bokorera hamwe kugira bashobore gutorera hamwe inyishu irashe ku kibazo c’amashamba yo mu karere.