Amakuru
7 février 2023

Ubwoko muri leta, Inama nshingamateka na nkenguzamateka no mu butungane, bwoba bugiye gufutwa ?

Mbega twobandanya dushira imbere ibijanye n’amoko mu buzi bumwe bumwe bwa leta ? Ico ni co Inama nkenguzamateka irindiriye ku banyagihugu ko bayifasha kwishura kugira ishobore gutanga icegeranyo ku mukuru w’Igihugu ukuntu ivy’ubwoko vyifashe mu Burundi. Ni umukuru w’Igihugu azoheza agafata ingingo ihwanye n’ico cegeranyo Inama nkenguzamateka izoba yamuhaye, akabona ko bigumaho canke bikurwaho. Emmanuel Sinzohagera, umukuru w’Inama nkenguzamateka, yabishikirije ku munsi wa mbere igihe hariko harahimbazwa umunsi wahariwe Ubumwe mu Burundi, usanzwe uhimbazwa ku wa 05 Ruhuhuma. Ku bwa Sinzohagera, mu Burundi hari ubwoko bumwe gusa bw’Abarundi.