Amakuru
20 mai 2022

Ubushikiranganji bw’Umutekano bumenyesha ko buriko buratuza imirwi y’abasuma

Abagizi ba nabi baheruka kwiba amafaranga y’amarundi agera ku miliyoni 200 bakoresheje imodoka ngo bagiye gufatwa barengutswe imbere y’ubutungane. Vyashikirijwe na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’Umutekano. Hari kuri uyu wa kabiri inyuma y’inama yagiranye n’abapolisi barongoye abandi mu karere k’uburengero. Gervais Ndirakobuca agahamagarira kandi abagwizatunga gukorera mu gisagara ca Bujumbura kubera ko umutekano ari wose.