Amakuru
27 décembre 2022

Tony Germain Nkina akwiye kurekurwa kuko n’aho parquet yokwunguruza, urubanza rwaciwe rurakwirikizwa

N’aho yari yejejwe na sentare isubiramwo imanza ya Ngozi, ingingo yafashwe ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 20 Kigarama umwaka w’2022, umushingwamanza Tony Germain Nkina aracari mw’ibohero. Imvo ngo ni uko abacamanza baburanira leta batashimye iyo ngingo, baca barunguruza urubanza bukeye yaraye yejejwe.
Mu bihe nk’ivyo, amategeko y’igihugu avuga iki ?