Muganga Christophe Sahabo ari mu buzima bubi cane bivuye ku magara yiwe abandanya kwononekara kubera yabujijwe uburenganzira bwo kwivuza. Umushingwamanza Gustave Niyonzima aranegura ingene inzego z’ubutegetsi ziriko zirahonyanga amategeko agenga uburenganzira bw’abapfungwa kuko bategerezwa kwivuza mu gihe bikenewe, hatarabwe n’ivyaha boba bagirizwa. Ku bw’umushingwamanza Niyonzima, Muganga Sahabo azira ko yiyamirije abashaka gutembagaza ibitaro Kira mu gushaka kwiba. Agasaba inzego z’igihugu kwubahiriza amategeko agenga abanyororo.
Amakuru
18 septembre 2024