Amakuru
26 septembre 2024

Isanurwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura ntiribonwa neza n’umugambwe MSD

Inyuma y’imihango idashika itari mike yo gusubiramwo isoko nkuru ya Bujumbura, leta y’Uburundi iheruka guha uruhusha ishirahamwe Ubaka Nation Group kugira ngo rizosubiremwo iyo soko imaze imyaka irenga 10 ihiye. Ariko Abarundi bamwe bamwe babibonamwo amahinyu menshi, na cane cane ku bijanye n’itangwa ry’isoko, uburyo buzokoreshwa, hamwe n’ibijanye n’ivyigwa vy’ingene isoko nshasha yokwubakwa.