Amakuru
19 septembre 2024

Agateka ka zina muntu mu Burundi : Ibikorwa vy’intumwa idasanzwe ya ONU n’ukwongerwa ikiringo

Intumwa idasanzwe ya ONU iraba ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi itegekanya gushikiriza icegeranyo kirimwo amatohoza n’umwihwezo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 20 Nyakanga 2024. Azoba ari mu nama igira 57 ya ONU iraba ibijanye n’agateka ka zina muntu. Ibijanye n’ukwongera ikiringo iyo ntumwa ya ONU, na vyo biri mu bizokwigwa muri iyo nama mu gihe leta y’UBurundi ibandanya ihakana ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu bibera mu gihugu.

None hoba hari akarusho kabaye muri uno mwaka ?

Ibibazo bihari vyoba ari ibihe ?

Amakungu akwiye gushigikira gute Uburundi mu gushigikira iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu ?