Amakuru
1 septembre 2023

Rusansuma rushasha rw’abanyagihugu n’ingo rutegekanijwe mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka uza

Rusansuma rushasha rw’abanyagihugu rutegerezwa kuba mu kwezi kwa Myandagaro mu 2024. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji wa Mbere. Hari igihe hariko harugururwa ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe rusansuma. Gervais Ndirakobuca akaba yamenyesheje ko ibiharuro bizova muri urwo rusansuma, bizofasha mu matora yo mu mwaka w’2025.