Amakuru
29 avril 2022

Nta mupolisi azobandanya agendanira umutegetsi, nibasubire mw’ikambi

Leta yihaye ikiringo co kugeza mu mpera z’uno mwaka, kugira abategetsi bakwe abapolisi basanzwe babacungerera umutekano. Vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Umutekano kuri uyu wa gatatu, mu nama yagiranye n’intwazangabo ziherutse kugenwa mu mabanga n’itegeko ry’umukuru w’Igihugu. Kubwa Gervais Ndirakobuca, ntibishoboka y’uko umupolisi aja gukorera akazi mu ngo z’abategetsi.