Amapikipiki, amakinga n’ama tuk-tuk yashiriweho ibibanza ntarengwa mu gisagara ca Bujumbura. Nta burenganzira bwo gusubira kurenga ikiraro ca Kamesa, zone Musaga na karitiye Gasekebuye, aho ni mu bumanuko bw’igisagara. Mu buraruko naho, ntizizorenga uruzi rwa Gasenyi, rond-point bita kuri Chanic hamwe na Château d’eau iri ku Mutanga Nord. Iyo ngingo yafatiwe mu nama yo kuri uyu wa gatatu yahuje abajejwe intwaro n’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano. Kubw’uwurongoye igisagara ca Bujumbura, ubwo buryo bwo kwiyunguruza buri mu buteza umutekano muke mu gisagara. Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’Umutekano, akaba yamenyesheje ko iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro kuva kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante. Amapikipiki y’igipolisi hamwe n’ayafise imparati za Leta, niyo yonyene atarabwa n’iyo ngingo.
Amakuru
25 février 2022