Amakuru
4 octobre 2023

Ni nde yategetse kugurisha amatike y’indege mu mafaranga y’agaciro ? (Gervais Ndirakobuca)

Ingingo yo gutegeka abagura amatike y’indege kuyariha mu mafaranga mvamahanga yafashwe na bamwe mu bategetsi bo hejuru batagishijwe inama. Ni co gituma iyo ngingo igiye guhagarara kugira ntihagire Umurundi areka gufata urugendo nk’uko avyipfuza. Vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca, igihe yari umutumire mu Nama nshingamateka kuri uyu wa mbere. Ndirakobuca akaba abona ko iyo ngingo yoba yafashwe n’abahinga ariko batabajije ababakurira.