Amakuru
22 mars 2022

Kuri uyu wa mbere niho hashirwa mu ngiro ingingo ibuza amapikipiki na tukutuku gukorera i Bujumbura

Ingingo nshasha yo kugabanya ibibanza bikoreramwo amapikipiki, amakinga n’amatukutuku mu gisagara ca Bujumbura yagiye mu ngiro kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Ntwarante 2022. Ikaba igiye mu ngiro inyuma y’iminsi 10 yari yatanzwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano kugira abatwara ivyo vyuma babe bahejeje kuvyandikisha mu gipolisi. Vyari vyifashe gute kuri uyu munsi w’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo ?