Amakuru
18 septembre 2021

Kubera agateka ka zina muntu kabandanya gahungabana, harakwiye amatohoza

Ubwicanyi hamwe no kunyuruza abantu bakaburwa irengero birabandanya mu Burundi. Biri mucegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch. Mu gihe mu ndwi iza inama ya ONU iraba ivy’agateka ka zina muntu izokwiga ukwo kifashe mu Burundi, John Fisher, arongoye Human Rights Watch ayisaba ko yogumizaho umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi canke igashiraho uwundi murwi ukora nkawo.