Amakuru
30 août 2023

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu asaba ko Floriane Irangabiye arekurwa

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye apfunzwe azira umwuga wiwe, nta caha na kimwe yakoze cotuma acirirwa imyaka 10 yo gupfungwa. Ivyo binegurwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, Initiative pour les droits humains au Burundi, Amnesty International na Comité pour la protection des journalistes. Biri mw’itangazo bashize ahabona kuri uno wa 30 Myandagaro, aho umwaka wahwanye Floriane Irangabiye afashwe agapfungwa. Kw’izina ry’ayo mashirahamwe, Rachel Nicholson, umushakashatsi mw’ishirahamwe Amnesty International, asaba ubutungane bw’Uburundi kurekura iyo nzirakarengane, no gukosora utunenge twose turi muri dosiye yiwe.