Amakuru
7 juillet 2023

Leta itegerezwa kureka amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’ibimenyeshamakuru bigakora

Leta y’Uburundi ishobora kwiteranya n’abayifasha kubera yanse kuja mu mwihwezo w’ukungene agateka ka zina muntu kifashe mu gihugu. Ivyo bivugwa na Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mw’ishirahamwe Human Rights Watch. Abona ko inyifato y’umurwi wari warungitswe i Genève yerekana ko leta ishaka kunyegeza uko agateka ka zina muntu kifashe. Agasaba leta kureka amashirahamwe adaharanira inyungu za politike agakora ukuri kwamye.