Amakuru
28 décembre 2023

Ni bande bagandaguye abanyagihugu ku mutumba wa Vugizo, zone Gatumba ?

Ni kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Kigarama hashinguranwa iteka abanyagihugu bahitanywe n’ubwicanyi bwabereye muri zone ya Gatumba. Bagandaguwe mw’ijoro ryo ku wa gatanu igenekerezo rya 22 Kigarama, ku mutumba wa Vugizo. Abagandaguwe harimwo abana n’abakuze bo mu miryango 9 yagizweko ico gitero. Ishengero catolika rikaba ryiyamiriza ubwicanyi nk’ubwo, na yo muri leta bakaba bahumuriza ko bagiye kugira amatohoza akomeye kugira abakoze ubwo bwicanyi baze bafatwe bongere bashengezwe imbere y’ubutungane.