Amakuru
19 avril 2024

Leta y’Uburundi itera akamo abayifasha kuyishigikira mu guhangana n’ingaruka z’imvura nyinshi

Leta y’Uburundi ifatikanije n’umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU batera akamo amakungu ngo ashigikire Uburundi mu ntumbero yo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe riturutse ku muyaga El Niño. Kubera ivyo biza, iduga ry’amazi ya Tanganyika rimaze kugira ingaruka ku bantu bababa ibihumbi 100. Mw’itangazo ry’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Niteretse, yamenyesheje ko kuva muri Nyakanga mu mwaka uheze gushika kw’igenekerezo rya 7 Ndamukiza uyu mwaka, abantu bagera ku 203 944 barakozweko n’imyuzurira, imisozi ihenuka, imiyaga y’igihuhusi hamwe n’urubura.