Mu kigabane « Karahara mu ruganda ntibacura », tugaruka ku ngingo iherutse gufatwa na Leta yuko abadandaza bahora bakorera inyuma y’amasoko yo mu gisagara ca Bujumbura bategetswe kwugara amazu bakoreramwo kugira barondere ibibanza muri ayo masoko bakorera inyuma yayo. Ni ingingo iherutse kumenyeshwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere haraheze indwi, akaba avuga ko iyo ngingo izotuma amakori ya leta yiyongera. Gervais Ndirakobuca yamenyesheje kandi ko iyo ngingo izoja mu ngiro kuva ku wa 1 Ntwarante 2021.
Amakuru
25 février 2021