Amakuru
3 février 2023

Ivy’uko akaruta akandi kakamira ntibigikora mu Burundi, abanyagihugu barangana imbere y’amategeko

Indongozi zose zihamagarirwa kumenya ko amategeko y’igihugu ashirwaho kugira ngo agenge bose ata mwana n’ikinono. Ngo ntashirwaho kugira arabe abantu bato bato gusa. Vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Mbere, Gervais Ndirakobuca. Yabivugiye kuri uyu wa kane itariki 2 Ruhuhuma mu nama yagiranye n’indongozi zo mu ntara ya Rutana.