Amakuru
28 novembre 2022

Itegeko rigenga Umuhuza mu Burundi rimuha ubwigenge mu gutunganiriza abantu

Igikorwa c’Umuhuza w’Abarundi ni ico gutorera inyishu amatati yokwaduka hagati y’inzego za leta n’abanyagihugu. Itegeko rigenga urwo rwego rikaba riruha ubwigenge bwose mu gihe co kurangura akazi rujejwe. Urwo rwego rurashobora kwiturwa ariko kandi rurashobora rwonyene kubona ko hari ukutumvikana rukibwiriza gufata mu minwe ico kibazo. Igihe conyene urwo rwego ruba rudakenewe ni mu gihe amatati aba yamaze gushika imbere y’ubucamanza. Ibindi mu bigenga akazi k’Umuhuza tuvyiganirwa mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » c’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radiyo Inzamba, RPA, hamwe na Télévision Renaissance.