Leta y’Uburundi iherutse gufata ingingo yo kurekurira abadandaza bose bavyipfuza kudandaza isukari kugira ikibazo c’ibura ry’ico kidandazwa rimaze imyaka myinshi gihere. Ivyo bikaba vyacishijwe mw’itegeko ryateweko umukono ku wa 8 Myandagaro ry’abashikiranganji b’Ubudandaji n’Ikigega ca leta. Muri iryo tegeko, abo bashikiranganji bahamagarira umudandaza wese avyipfuza gukora urwo rudandazwa.
Amakuru
31 août 2024