Ingingo yo kurekurira abadandaza bose bavyipfuza kudandaza isukari nk’inyishu ku kibazo c’ibura ry’ico kidandazwa rimaze imyaka myinshi nta co yaje ifasha ku bijanye n’ubukene bw’isukari. Ni umwihwezo wa Jean Nduwimana, umuvugizi w’ishirahamwe OLUCOME, kuko ngo umuntu yihweje itegeko ryashizeho iyo ngingo, biboneka y’uko n’aho isukari izoboneka, izoboneka izimvye. Ahamagarira leta kwicarana n’abo bose begwa n’ico kibazo kugira haboneke umuti urama.
Amakuru
31 août 2024