Amakuru
22 juin 2023

Ishirahamwe ry’Umuryango wa Buraya ryatoye kwirengagiza amabi abategetsi bamwe b’Uburundi bakoze

Umuryango w’ibihugu vya Buraya wahisemwo gucudika n’abategetsi b’Uburundi ubanje kwirengagiza ko bamwe muri bo bakoze amahano, uhereye ku mushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, IDHB, ribivuga inyuma y’aho uwo mutegetsi agiriye mu Bufaransa yitavye inama mpuzamakungu iriko ibera i Paris. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, yibutsa ko Ndirakobuca ata gihe kinini kihaciye akuweko ibihano yari yafatiwe n’uwo muryango yagirizwa uruhara yagize mw’ihonyangwa ry’agateka aka zina mu 2015 n’inyuma y’aho.