Amakuru
8 avril 2024

Uburaya burafitiye ideni Afrika (Charles Michel)

Umuryango w’ibihugu vya Buraya uremanga ko ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda ryabaye amakungu abona. Charles Michel, arongoye Inama y’Ubumwe bwa Buraya, akibutsa ko Ububirigi, igihugu aturukamwo, cabisabiye ikigongwe mu 2000. Avuga ko uwo muryango ufise ico ufitiye Afrika kubera amabi yahakorewe. Akaba ashima uko Urwanda rwitunganije inyuma y’ihonyabwoko, nk’uko Uburaya bwabikoze inyuma y’ihonyabwoko ry’Abayahudi n’intambara zahahitiye. Charles Michel yabivuze ku munsi w’Imana itariki 7 Ndamukiza, mu bikorwa vyo gutanguza iyibuka ry’imyaka 30 ry’abasize ubuzima mw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi ryo mu 1994.