Amakuru
30 novembre 2023

Umuryango w’ibihugu vya Buraya urafasha kurwanya amabi afatiye ku gitsina mu Burundi (E. Pietrobon)

Hari imigambi myinshi iriko irashirwa mu ngiro, n’iyindi itegekanijwe mu ntumbero yo kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Ivyo vyashikirijwe n’uwuserukira Umuryango wa Buraya mu Burundi. Elisabetta Pietrobon avuga ko mu vyo iyo migambi ifasha hari ukuvuza, gukurikirana no gufasha abakorewe ayo mabi kuburana. Yabivuze ku munsi wa mbere mu gihe mu Burundi bariko batangura iminsi 16 y’isekeza ryo kurwanya amabi afatiye ku gitsina.