Amakuru
26 février 2022

Ingingo y’uko ata kigendesha amapine abiri canke atatu kizosubira kwinjira mu muji ni ntabanduka !

Umushikiranganji w’Umutekano ngo ntarota yivuguruza. Ivyo ubu ho yabivuze abihishurira umushingamateka bisa n’uko yoba yubahutse kubaza ikibazo kijanye n’ukubuza abatwara amakinga, amapikipiki n’amabajaji gushika hagati mu gisagara ca Bujumbura no mu mihingo yaco. Gervais Ndirakobuca yamwishuye ata kurya umunwa avuga ko n’aho vyogenda gute iyo ngingo itazosubira inyuma. Kuri we, ngo kwoba ari nk’ugusuzugura abagize ico we nyene yita iciyumviro ciza. Aho yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka ku munsi wa kane.