Amakuru
26 février 2024

Imvukira zose zo mu Cibitoke zitegerezwa gucungera amahoro n’umutekano mu ntara (Ndirakobuca)

Imvukira zo mu Cibitoke zisabwa gucungera amahoro n’umutekano ku mipaka iyo ntara isangiye n’ibihugu vy’Urwanda na Congo. Ako kamo katewe n’umushikiranganji wa Mbere, Gervais Ndirakobuca, na we nyene avuka mu Cibitoke. Yabivuze ku munsi w’Imana igihe abakorera mu bisata bitandukanye bariko barabira hamwe ivyo baranguye mu mezi atandatu ya nyuma. Gervais Ndirakobuca akaba yasavye kudasubira mu bihe bibi vyo muri kahise.