Iminsi 10 ni yo yongewe abagendesha amapikipiki, amakinga na tukutuku kugira ivyo bikoresho vyo kwiyunguruza bibe vyavuye mu gisagara ca Bujumbura. Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati, yatanze ico kiringo kugira abo banyonga ivyo vyuma babe bavyandikishije kuko ikizofatwa kitanditswe, nyene co azofatwa nk’umugizi wa nabi. Iyo ngingo ikaba ifashwe mu gihe vyari bitegekanijwe ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Ntwarante, ivyo vyuma vyose vyategerezwa kuba vyavuye mu gisagara.
Journal
12 mars 2022