Amakuru
26 novembre 2021

Imiliyoni zirenga 51, amafranga yanyurujwe, nico cerekana urugero rw’igiturire mu Burundi

Amafranga arenga imiliyoni 51 z’amafranga y’Amarundi avuye mu ma tagisi n’amakori atojwe mu gisagara ca Bujumbura yaranyurujwe n’abakozi ba Mairie bari bajejwe kuyegeranya. Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati n’Umutekano, yamenyesheje ko vyabaye kuva mu kwezi kwa Nyakanga guheze. Ivyo yabimenyesheje mu nama yagiranye n’abatozakori n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Munyonyo. Umushikiranganji Ndirakobuca akaba yasavye abo banyuruje ayo mafranga kuyasubiza bidatevye.