Amakuru
14 décembre 2022

Imigambi y’iterambere itegerezwa gushira imbere inyungu z’abanyagihugu

Imigambi ikoresha amafaranga atangwa kugira asahirize iterambere ry’Uburundi itegerezwa gushirwa mu ngiro ku neza y’abanyagihugu. Ako ni akagohe k’umushikiranganji wa Mbere. Gervais Ndirakobuca yabivuze ariko agirisha inama abarongoye iyo migambi. Avuga ko yasanze hari bamwe muri bo bakoresha nabi amafaranga ayigenewe, abandi bakarenza ikiringo cayo, ntibashire mu ngiro ivyo biyemeje.