Ikurwaho ry’ibihano kuri bamwe mu Barundi bagirizwa kuba barakoze amabi atandukanye, ni uburyo bwo gushigikira ukudahana. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe IDHB riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Carina Tertsakian, umushakashatsi muri iryo shirahamwe, aragabisha umuryango w’ibihugu vya Buraya ko ivyo bishobora gutuma n’ibindi bihugu bitubahiriza agateka ka zina muntu vyimonogoza. Akaba abishikirije inyuma y’aho kuri uyu wa kabiri ari ho umuryango w’ibihugu vya Buraya wamenyesha ko ukuye ibihano ku mushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca, Godefroid Bizimana na Léonard Ngendakumana bagirizwa kuba barakoze ivyaha vy’ubwicanyi no guhungabanya agateka ka zina muntu.
Amakuru
26 octobre 2022