Ubwinshi bw’abapfungwa mu mabohero atandukanye y’igihugu burahagaritse umutima ubuyobozi bukuru bw’amabohero. Mu nama yo kuri uyu wa kabiri hamwe n’abarongoye amabohero yose mu gihugu, basanze ubwinshi bw’abanyororo burenga ibice 280%. Pierre Claver Miburo, umuyobozi mukuru ajejwe amabohero, ahamagarira aberwa n’ico kibazo bose gufata ingingo zikwiye zotuma ubwo bwinshi bw’abanyororo bugabanuka mu mabohero.
Amakuru
22 février 2023