Amakuru
18 janvier 2024

Uwurongoye amabohero mu Burundi ni yubahirize uburenganzira bwa Floriane Irangabiye (ML Baricako)

Uwurongoye amabohero mu Burundi arasabwa kwubahiriza amategeko, akareka gutoteza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye n’uwurongoye ibohero rya Bubanza. Ako kamo gaterwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Marie Louise Baricako awurongoye abivuze inyuma y’aho hibonekeje amajambo y’iterabwoba Pierre Claver Miburo yakoresheje kuri abo bantu babiri, n’ayandi majambo atabereye yakoreshejwe n’abandi bakozi atwara bavuga abo bantu nyene. Agasaba ko Floriane Irangabiye yubahirizwa mu burenganzira bwiwe bwose nka kiremwa muntu.