Amakuru
19 septembre 2024

Itegeko ry’umukuru wa Sentare ntahinyuzwa ku manza z’ukugabana rihonyanga amategeko (M.L. Baricako)

Haraheze ukwezi, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa yatanze itegeko ku batwara amasentare atandukanye mu gihugu, gusubiramwo imanza zose zo kugabana amatongo y’umuryango zinganisha abahungu n’abakobwa bavukana. Iyo ngingo ngo ije gusubiza inyuma uburenganzira bw’umukenyezi. Ivyo binegurwa n’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mw’itangazo waraye usohoye. Marie Louise Baricako awurongoye akavuga ko bitangaje kubona umukuru wa Sentare ntahinyuzwa ahonyanga ubwigenge bw’abacamanza mu kazi kabo, eka mbere n’amategeko atandukanye nk’Ibwirizwa shingiro. Ku bwa Marie Louise Baricako, umukuru wa Sentare ntahinyuzwa yategerezwa kwisubirako agahindura iryo tegeko yahaye abacamanza. Agahamagarira leta n’Inama nshingamateka kwicarira amategeko yotuma abahungu n’abigeme bagira uburenganzira bumwe bwite.