Amakuru
23 août 2023

Ibisaka vy’imbwa vyahiye ku bagizi ba nabi bahungabanya umutekano muri komine Mabayi

Abajejwe intwaro bakorana n’abahungabanya umutekano muri komine Mabayi bamenye ko ibisaka vy’imbwa vyahiye. Umushikiranganji wa Mbere Gervais Ndirakobuca arabagabisha ko bomenya ko iyo nzira bari barafashe ari mbi. Hari mu nama yagirishije imvukira n’abanyagihugu ba komine Mabayi. Gervais Ndirakobuca agabisha abakorana n’abagizi ba nabi ko bagiye gupfungwa.