Amakuru
20 avril 2022

Ibice 29% vy’imanza zitizwe muri CNTB nizo zizojanwa mu masentare atandukanye

Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo (CNTB) washoboye guheza igikorwa wari warahawe ugejeje ku bice 71%. Ivyo ni ibishikirizwa na Félicien Nduwuburundi, yarongoye ubwa nyuma uwo murwi. Hari mu birori vyo guhanahana n’ubushikiranganji bw’Ubutungane ama dosiye yasigaye atizwe. Yaboneyeho no kumenyesha ko ubwo bushikiranganji ari bwo buzomenya ama sentare buzoyarungikamwo amadosiye yasigaye. Akaba kandi yarashikirije bimwe mu bitoroheye uwo murwi ari na vyo vyatumye udashobora gushikana ku bice 100%.